Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden kuri uyu wa kabiri yateye umukono ku rwandiko rwemera kandidatire ya Finlande na Suwede yo kwinjira mw’ishirahamwe OTAN, ry’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ryishinze kurwaniriza umwansi hamwe.
Prezida Biden yavuze ko ivyo bihugu bibiri vyo mu buraruko bwa Buraya bifise amahirwe yo kuzokomera no gukingirwa n’uyo muryango mu bijanye n’umutekano.
Mu ntango z’uku kwezi, Sena ya Amerika yaratoye iremeza ko ivyo bihugu bibiri vyemererwa kwinjira muri OTAN. Amerika igize igihugu ca 23 kuri 30 bigize OTAN vyemeje ko Finlande na Suwede vyakirwa mu muryango. Hakenewe amajwi y’ibihugu vyose 30 yemera kwakira ivyo bihugu mu muryango kuko havuyemwo na kimwe ntibizokwakirwa.
Prezida Biden kandi yashemagije Finlande na Swede, avuga ko ivyo bihugu bibiri bifise inzego zikomeye zishingiye kuri demokarasi, ibisirikare bikomeye hamwe n’umuco urangwa mu bisata vy’ubutunzi, bizotuma OTAN ikomera cane.
Facebook Forum