Sena ya Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu yatoye iremeza ko Ubusuwede na Finlande vyinjira mw’ishirahamwe ryo mu burengero bw’isi ryishinze kurwaniriza umwansi hamwe, OTAN. Abasenateri bavuga ko ari ubutumwa bukomeye bwo kwagura uwo muryango no guhangana n’Uburusiya.
Umukuru wa Sena, umudemokrate Chuck Schumer, yavuze ko iri tora kuri OTAN rihambaye cane ku mutekano wa Amerika ku rugero rw’isi. Avuga ko intambara Perezida Poutine yateje muri Ukraine iriko iratuma uwo muryango waguka kandi ukomera.
Reta zunze ubumwe za Amerika ni kimwe mu bihugu 30 vya OTAN bizokwemeza iyinjizwa rya Suwede na Finlande muri uyo muryango.
Facebook Forum