Uko wahagera

Espanye Isaba OTAN Kugira Uruhara muri Afrika yo mu Buraruko


Abitabiriye inama ya NATO
Abitabiriye inama ya NATO

Espanye uyu musi casavye ibindi bihugu bituriye inyanja y’Atlantika bihurikiye mw’ishirahamwe ryo kwivuna umwansi (OTAN), kugira uruhara rukomeye muri Afrika yo mu buraruko no mu ntara ya Sahel.

Abategetsi b’inararibonye mu bijanye n’imigenderanire mu makungu, bavuga ko ishirahamwe OTAN, ata gishika rifitiye umugambi nk’uyo. Yamara muri iki gihe iryo shirahamwe ririko riragura uburyo bwaryo bwo kwivuna umwansi, ibihugu nka Espanye n’Ubutaliyano bisanzwe biririmo, birafise amakenga ko intambamyi ziri ku mbibe zo mu bumanuko bwavyo, zishobora kutitabwaho.

Abategetsi 30 baserukira ibihugu vyabo biri muri OTAN barangije inama nkuru yabo uyu musi ku wa kane. Mu kiringo c’imisi ibiri bihweje cane cane ingwano y’Uburusiya muri Ukraine.

Uyu musi mu gitondo, umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, yatangaje ko iryo shirahamwe rizokwicarira ibintu vyose bitera umutekano muke, rikongera rigahagurukira kugwanya iterabwoba.

Umushikiranganji wa Espanye ajejwe imigenderanire n’amakungu, Jose Manuel Albares, yavuze ko OTAN rishobora kugira uruhara mu gihugu ca Mali mu gihe vyoba nkenerwa.

Abategesi bo mu bihugu vyo mu burengero bararajwe ishinga n’ubwicanyi bubera mu gihugu ca Mali, aho akagwi k’abasirikare batwara igihugu bafashwa n’abasirikare b’ishirahamwe ryigenga ryo mu Burusiya, Wagner, bariko baratana mu mitwe n’umurwi wa kiyislamu wigumuye. Iyo ngwano iramaze gutandukira ibihugu vyo muri iyo ntara ya Sahel.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG