Uko wahagera

Biden mu Nama yo Kongereza Inguvu za OTAN


Abitabiriye inama ya G7
Abitabiriye inama ya G7

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yashitse muri Espanye uno musi ku wa kabiri mu nama y'ishirahamwe OTAN ishobora gufasha gutegekanya intambwe zikwirikira mu ngwano muri Ukraine.

Bitegekanijwe ko iyo nama iha ishirahamwe OTAN inguvu nyinshi z’ukwivuna umwansi mu karere ko mu buserurko bw’Uburaya, harimwo kwongereza inteko n’ibikoresho vya gisirikare bikomakomeye. Ni mu gihe abategetsi b’ibihugu vyo mu burengero bw’isi bariko biyumvira intambwe zikwirikira mu ngwano muri Ukraine.

Ibizova mu nama y’imisi 2 y’ibihugu bigize ishirahamwe OTAN bizokomeza ukurwaniriza hamwe umwansi kw’ivyo bihugu mu gihe ibitero vy’igihugu c’Uburusiya muri Ukraine vyinjiye mu kwezi kugira gatanu.

Prezida Biden n’abandi bategetsi b’ibihugu bigize OTAN bariko bagerageza guhindura ukugene ibintu biriko bigenda muri Ukraine aho Uburusiya butera bugira intambwe mu buseruko bw’ico gihugu.

Prezida Biden yatangaje ko igitero ca misile Uburusiya bwakoze ku musi wa mbere mu kibanza abantu baguriramwo ibintu mu gisagara ca Kremenchuk muri Ukraine vyibutsa inyifato y’ubunyamaswa ico gihugu kibandanya kwerekana. Yatangaje ko bifataknaije n’abanyagihugu ba Ukraine mu rugamba barimwo, kandi ko bazobandanya gufasha Ukraine kwivuna ibitero vy’Uburusiya.

Biden yashitse muri Espanye mu nama ya OTAN avuye mu nama y’abategetsi b’ibihugu 7 bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi yabereye mu gihugu c’Ubudagi. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG