Uko wahagera

Sudani: Muri Darfur Umuntu wa Mbere Yasaganywe Umugera w'Ibihara vy'Inguge


Umurwayi w'ibihara by'inguge
Umurwayi w'ibihara by'inguge

Ubushikiranganaji bujejwe amagara y’abantu bwatangaje mw’ijoro ryo ku musi w’Imana ko uwo muntu afise imyaka 16 yasanganywe uwo mugera mu ndwi iheze mu ntara ya Darfur yo mu burengero bw’igihugu. Nta birenga ngaho vyatangajwe ku vyerekeye uwo muntu.

Ubwo bushikiranganji bwantagaje ko hari abandi bantu bagera kuri 38 bikekwa ko banduye ikiza c’umugera w’ibihara vy’inguge, ko yamara vyibonekeje ko badafise uwo mugera inyuma y’uko bapimwe. Yamara umwe muri bo yarasanganywe uwo mugera mu ntara ya Darfur yo mu burengero.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bariko bakora kugira bamenye abantu bose boba baregeranye nawe mu ntumbero y’ukugabanya ikwiragira ry’uwo mugera.

Ukwiyadukiza kw’ikiza c’umugera w’ibihara vy’inguge bishobora kugira ingaruka zikomeye mu ntara ya Darfur, yasinzikajwe n’ingwano yamaze imyaka itari mike, hamwe n’ibindi bice vya Sudani. Ico gihugu gishobora gukumirwa n’amakungu.

Indwara ifitaniye isano n’ibihara vy’inguge yaribonekeje mu bice vyo mu karere ko muri Afrika yo hagati na Afrika yo mu burengero, imbere yo gukwiragira mu bice bitandukanye vyo kw’isi.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryatangaje mu kwezi guheze ko ikiza c’umugera w’ibihara vy’inguge ari ikibazo kigeramiye amakungu gitegerezwa guhagurukirwa vyihutirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG