Uko wahagera

Abanduye Ibihara vy'Inguge Bageze ku 18,000


Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS ryatangaje uno musi ku wa gatatu ko abantu barenga 18,000 bamaze gutorwamwo umugera w'ibihara vy'inguge mu bihugu 78 kw'isi. Benshi muri bo bakaba bari ku mugabane w'Uburaya.

Ishirahamwe OMS ryatangaje ko icaduka c’umugera w’ibihara vy’inguge ari ikibazo gihanze amakungu, gikwiriye guhagurukirwa vyihutirwa. Gushika ubu ibice 90 kw’ijana vy’abantu bapimwe uwo mugera bari hanze y’umugabane wa Afrika.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS, Tedros Adhanaom Ghebreyesus, yavuze ko ico kiza gishobora guhagarikwa. Yasiguye ko uburyo bwiza bwo kubikora ari ugufata ingingo zituma abantu batandura iyo ndwara canke ngo bayanduze abandi.

Ishirahamwe OMS ririko risaba ko abantu bashobora kwandura umugera w’ibihara vy’inguge kurusha abandi bacandarwa.
Muri bo harimwo abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi hamwe n’abagabo bagirana imibonano mpuzabitsina n’abandi bagabo kandi bagira iyo mibonano n’abantu benshi.

Ishirahamwe OMS rimenyesha ko bifata indwi zitari nke inyuma y’uko umuntu aronse urucanco rwa kabiri kugira abe yikingiye neza. Rimenyesha ko muri ico gihe abantu bofata izindi ngingo zo kwikingira imbere y’uko baronka urwo rucanco rwa kabiri.

Ishirahamwe OMS rimenyesha ko gushika ubu, hafi y’ibice 10 kw’ijana vy’abanduye umugera w’ibihara vy’inguge bagiye mu bitaro, 5 muri bo bamaze kwitaba Imana. Bose ni abo ku mugabane wa Afrika.

Indwara y’ibihara vy’inguge ntiyitaweho bihagije nk’ikibazo kijanye n’amagara y’abantu mu bice vyo ku mugabane wa Afrika. Yamara abantu barwaye iyo ndwara baratanguye kwibonekeza hanze yawo. Ikibazo kikaba catanguye gukomera cane mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG