Uko wahagera

OMS: Ibihara vy'Inguge Bimaze Kugera mu Bihugu 78 kw'Isi


Ibihara vy'Inguge
Ibihara vy'Inguge

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS ryatangaje uno musi ku wa gatatu ko abantu barenga 18,000 bimaze kwemezwa banduye umugera w'ibihara vy'inguge mu bihugu 78 kw'isi, benshi muri bo bakaba bari ku mugabane w'Ubulaya.

Ishirahamwe OMS ryatangaje ko ukwiyadukiza kw’umugera w’ibihara vy’inguge ari ikibazo gihanze amakungu gikwiriye guhagurukirwa vyihutirwa.

Gushika ubu ibice 90 kw’ijana vy’abantu bapimwe uwo mugera bari hanze y’umugabane wa Afrika.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS, Tedros Adhanaom Ghebreyesus yavuze ko bashobora guhagarika ico kiza.

Amenyesha ko uburyro bwiza bwo kubikora ari ugufata ingingo zituma abantu batandura iyo ndwara canke ngo bayanduze abandi.

Ishirahamwe OMS ririko risaba ko abantu bashobora kwandura umugera w’ibihara vy’inguge kurusha abandi bacandarwa.

Harimwo abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi hamwe n’abagabo bagirana imibonano mpuzabitsina n’abandi bagabo kandi bagira iyo mibonano n’abantu benshi.

Ishirahamwe OMS rimenyesha ko bifata indwi zitari nke inyuma y’uko umuntu aronse urucanco rwa kabiri kugira abe yikingiye neza.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko muri ico gihe, abantu bofata izindi ngingo z’ukwikingira imbere y’uko baronka urwo rucanco rwa kabiri.

Ishirahamwe OMS rimenyesha ko gushika ubu, hafi y’ibice 10 kw’ijana vy’abanduye umugera w’ibihara vy’inguge bagiye mu bitaro, 5 muribo bakaba bamaze kwitaba Imana, bose muribo ku mugabane wa Afrika.

Indwara ya virusi y’ibihara vy’inguge ntiyitaweho bihagije nk’ikibazo kijanye n’amagara y’abantu mu bice vyo ku mugabane wa Afrika. Yamara abantu barwaye iyo ndwara baratanguye kwibonekeza hanze y’umugabane wa Afrika. Ikibazo kikaba catanguye gukomera cane mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG