Uko wahagera

USA: New York mu Bihe Bidasanzwe Kubera Ibihara vy'Ingunge


Igipimo carekana uwanduye ibihara vy'inguge
Igipimo carekana uwanduye ibihara vy'inguge

Reta ya New York iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’Amerika yatangaje ibihe bidasanzwe kubera ikiza c’ibihara vy’inguge. Buramatari wa New York, Eric Adams, afatanije n’abategetsi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu mu gisagara ca New York, basiguye ko amahirwe y’uko umugera w’ibihara vy’ingunge ugeramira igisagara ca New York kibarizwamwo abanyagihugu bagera ku bihumbi 150 ari menshi.

Abajejwe amagara y’abantu mu gisagara ca New York bemeza ko hari zimwe mu ngingo zo gukumira uwo mugera baja bafashe. Bemeje ko bariko bakorana n’abategetsi bo ku rwego rw’iyo reta kugira haboneke incanco nyinshi, imirwi irimwo abana n'abagore bibungeze bagacandarwa vyihuta. Igisagara ca New York kibicishije mu burongozi bwaco casavye amakungu gufata ingingo zo gukumira ibihara vy’inguge kw’isi yose vyihuta. Buramatari wa New York yemeje ko ku bantu bane bandura ibihara vy’inguge muri Amerika, uwurenga umwe aba ari uwo muri reta aramutswa.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, na ryo nyene riramaze gutangaza ibihe bidasanzwe kubera ibihara vy’inguge. Dr. Tedros Adhanom Ghebreyesus aheruka kuvuga ko ivyigwa bakoze vyerekana ko ibice 98% vy’abandura ivyo bihara, bagizwe n’abafise igitsina gabo bagihuza n’abagabo bagenzi babo. Tedros ariko, aha ashimangira ko ibi bidasiguye y’uko iyindi mice y’abantu yokwijajara kuko nayo nyene ibangamiwe n’uwo mugera.

Ibihara vy’inguge vyandukira biciye mu guhuza ibitsina, gukora ku wavyanduye canke ukamwegera cane, gusomana, gusangira impunzu, kurara mu mashuka amwe n’uwavyanduye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG