Uko wahagera

Irani Igabisha Amerika n'Ibihugu Bicuditse Nayo


Prezida wa Irani, Ebrahim Raisi
Prezida wa Irani, Ebrahim Raisi

Prezida wa Irani, Ebrahim Raisi, yagabishije Reta zunze ubumwe za Amerika n'ibihugu bicuditse ku vyerekeye kutageramira umutekano mu karere. Ni inyuma y'uko prezida wa Amerika, Joe Biden, ateye igikumu ku masezerano yo gufashanya mu vy'umutekano na Israyeri.

Prezida wa Irani, Ebrahim Raisi, avuga ko bazokwishura bikomeye kw’ikosa iryo ari ryo ryose rizokorerwa mu karere ico gihugu kirimwo. Mu vyo yatangarije kuri televiziyo, Prezida Raisi yamenyesheje ko Irani itazokwihanganira na gato uwo ari we wese azorondera kugeramira umutekano mu karere.

Reta zunze ubumwe za Amerika na Isirayeri vyateye igikumu ku masezerano mashasha yo gukomeza urugamba rwavyo rw’ukurwaniriza hamwe Irani. Prezida wa Amerika, Joe Biden, yemeye gukoresha ubushobozi bwose igihugu ciwe gifise kugira Irani ntironke ibirwanisho ruhonyanganda.

Ayo masezerano yateweko igikumu n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Yair Lapid, hamwe na Prezida Joe Biden w’Amerika, yari mu rugendo muri Isirayeri.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG