Uko wahagera

Amerika Irabandanya Isatira Ibihano kuri Irani


Ubushikiranganji bw'ikigega bwa Amerika i Washington, ifoto yafashwe kw'itariki ya 4/05/2021
Ubushikiranganji bw'ikigega bwa Amerika i Washington, ifoto yafashwe kw'itariki ya 4/05/2021

Muri Amerika, ubushikiranganji bw’ikigega ca reta bwavuze kuri uyu wa gatatu ko bwahagaritse ubutunzi bw’akagwi k’abanyamahanga baciye kubiri n’ibihano vyafatiwe Irani. Bagirizwa kuba baradandarije mu buseruko bwa Aziya ibihingurwa muri peteroli biva muri Irani, bifise agaciro k’amamiliyoni y’amadolari.

Ibi bihano vyafatiwe amahinguriro y’ibiva muri peteroli yo muri Irani hamwe n’ayo mu Bushinwa, na Emirat z’Abarabu zunze ubumwe ariko yegukira Irani.

Amerika isanzwe yari yarafatiye ibihano amahinguriro y’ibiva muri peteroli ya Irani hagati mu kwezi kwa gatandatu.

Ibi bihano bishasha vyo kuri uyu wa gatatu bije imbere y’urugendo rurindiriwe cane rwa Perezida Joe Biden muri Isirayeli na Arabiya Sawudite mu ndwi iza. Ni urugendo ruzoba rutumbereye kuvugwamwo ahanini iterabwoba Irani irimwo ryo kuburizamwo amasezerano yo mu 2015 kuri nikereyeri.

Ubutunzi hamwe n’inyungu z’ayo mashirahamwe yafatiwe ibihano biri muri Reta zunze ubumwe za Amerika bugiye guhagarikwa. Abanyamerika baba muri Amerika hamwe n’amakompanyi bazobuzwa gukorana urudandaza n’amakompanyi yahanwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG