Uko wahagera

Irani Iregwa Kuzana Inzitizi mu Biganiro vya Nikereyeri


Iran Nuclear
Iran Nuclear

Ibiganiro bishasha hagati ya Reta zunze ubumwe za Amerika na Irani ku kugaruka mu masezerano ya Nikereyeri yo mu 2015 vyarangiye ataco bitanze. Abadiplomate bavuze kuri uyu wa kane ko Irani yazanye ku meza ibindi bishasha isaba.

Intumwa y’Ubufaransa muri ONU, Nicolas de Riviere, yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ko Irani yongereye ibindi bibazo bitari ku murongo w’amasezerano. We n’abandi badiplomate ntibasobanuye ivyo bishasha vyasabwe na Irani.

Akanama ka ONU gakorana kabiri buri mwaka kugira karabe ingene ayo masezerano yashizwe mu ngiro. Ni amasezerano yasinywe mu 2015 aho Irani yemerewe gutezurirwa ibihano nayo yemera kubangira kuri porogaramu yayo ya Nikereyeri. Irani irahakana ko porogaramu yayo itumbereye kurondera ikirwanisho ca Nikereyeri.

Kuri reta ya Donald Trump, Reta zunze ubumwe za Amerika yaravuye muri ayo masezerano mu 2018, ica isubizaho ibihano. Mu 2019, Irani yaciye isubira mu mugambi wayo wa Nikereyeri.

Haruhande ya Irani na Amerika, ibindi bihugu biri muri ayo masezerano ni Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Uburusiya, hamwe n’Ubudagi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG