Uko wahagera

Biden: USA Ishobora Kuzorwana na Irani Ibiganiro Kuri Nikereyeri Binaniranye


Perezida wa Amerika Joe Biden, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Yair Lapid hamwe n'umushikiranganji wo kwivuna abansi ku kibuga c'indege Ben Gurion Airport hafi ya Tel Aviv, kw'itariki ya 13/07/2022
Perezida wa Amerika Joe Biden, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Yair Lapid hamwe n'umushikiranganji wo kwivuna abansi ku kibuga c'indege Ben Gurion Airport hafi ya Tel Aviv, kw'itariki ya 13/07/2022

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden kuva ejo kuwa gatatu ari mu rugendo rw’imisi ine mu karere ko mu buseruko bwo hagati. Uru rugendo yarutanguriye muri Isirayeli aho yiyemeje ko Amerika izokora ibishoboka vyose mbere bishobotse n’intambara ikajamwo kugira ahagarike porogaramu ya Irani yo kuronka ikirwanisho ca Nikereyeri.

Amerika na Isirayeli vyitezwe ko batangariza hamwe kuri uyu wa kane uko bagiye gukomeza ubucuti muvya gisirikare no gukorera hamwe mu guhagarika Irani ibikorwa vya Irani vyo guhingura ibirwanisho ruhonyanganda.

Isirayeli ibona Irani nk’umwansi akomeye, afise umugambi wo kuyisambura, kandi umwansi afasha imihari y’abarwanyi ibangamiye Isirayeli.

Perezida Biden yavuze ko atariko arakura igisirikare ca Irani "Islamic Revolutionary Guard Corps" ku rutonde rw’imihari ikora iterabwoba naho Irani yavuye mu masezerano ya Nikereyeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG