Uko wahagera

Ukraine: Roketi 28 z'Uburusiya Zahitanye 5, Zibomora Amazu n'Ibitaro


Hamwe mu hatewe Roketi muri Ukraine
Hamwe mu hatewe Roketi muri Ukraine

Ibitero vy'amabombe vy'Uburusiya mu ntara ya Mykolaiv mu bumanuko bwa Ukraine uno musi ku wa gatatu vyahitanye abantu 5. Abategetsi ba Ukraine bavuga ko rokete 28 zarashwe zononye ibitaro n’amazu mu bice bitari bike vy’igisagara ca Mykolaiv.

Batangaza kandi ko vya muzinga vyarashwe mu gice citwa Vitovsk.
Bulamatari w’intara ya Mykolaiv, Vitaly Kim, yatangaje mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu, ko ibitero vy’amabombe vyakozwe mu mihana itari mike mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa gatatu.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwatangaje ko bwarashe za misile mu gisagara ca Mykolaiv zahitanye abasirikare batari bake ba Ukraine mu buseruko bwaco.

Igisagara ca Mykolaiv kibamwo abantu bagera ku 475.000 kiri hagati y’igisagara kirimwo ikivuko gikomeye cane muri Ukraine ca Odessa n’ica Kherson. Ici co ni igisagara inteko z’Uburusiya zigaruriye mu misi ya mbere y’ibitero zatanguye gukora muri Ukraine mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG