Uko wahagera

Igisirikare muri Sudani Kizova mu Biganiro ku Bibazo vya Politike


Abaharanira demokrasi muri Sudani bagumye bavuga ko batazoganira n’igisirikare.
Abaharanira demokrasi muri Sudani bagumye bavuga ko batazoganira n’igisirikare.

Umutegetsi mukuru w'umusirikare ayoboye Sudani, Jenerali Abdel-Fattah-Burhan, yatangaje ko igisirikare kizova mu biganiro bigenewe gutorera inyishu ibibazo vya politike bibandanya mu gihugu inyuma ya kudeta yabaye mu mwaka uheze.

Jenerali Abdel-Fattah Burhan amenyesha ko ivyo bizorekurira abaserukira inyungu z’abanyagihugu gufata ikibanza cabo.

Mu vyo yatangaje vyashikirijwe kuri televiziyo ya Reta ya Sudani, Jenerali Abdel-Fattah Burhan yemeye kandi ko azosambura urwego ayoboye inyuma y’uko reta mfatakibanza ishizweho. Nta tariki Burhan yatanze canke abazosubirira igisirikare mu biganiro. Urwego ayoboye rwarongoye Sudani kuva igisirikare gifashe ubutegetsi muri kudeta yabaye mu mwaka uheze.

Kuva ico gihe, abaserukira ishirahamwe ONU muri Sudani n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika baragerageje gufasha gutorera inyishu ibibazo vya politike muri ico gihigu. Yamara ntaco ibiganiro vyashitseko gushika ubu.

Abaharanira demokrasi mu gihugu bagumye bavuga ko batazoganira n’igisirikare. Basavye ko abasirikare bashikiriza ubutegetsi abasivile bidatevye.

Sudani yaranzwe n’uruhagarara rwa politike kuva igisirikare gikuyeho ikiringo mfatakibanza cari gushikana kuri demokrasi, inyuma y’imyaka 30 y’intwaro y’agahotoro ya Omar al-Bashir.

Reta yiwe yakuweho n’igisirikare mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2019, inyuma y’imigumuko y’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG