Uko wahagera

Abantu Indwi Bishwe mu Myiyerekano muri Sudani


Sudan Protests

Abanyesudani indwi bari mu myiyerekano bishwe kuri uyu wa kane, igihe abajejwe umutekano bariko barashwiragiza amasinzi y’abanyagihugu bariko basaba ko ubutegetsi bw’igihugu busubizwa abasivile.

Abamenyeshamakuru bakorera itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, bavuze ko abajejwe umutekano batanguye kurasa ivyuka bikoroza amosozi hamwe n’amagerenade atica kugira ibihumbi vy’abanyagihugu bave mu mabarabara.

Abajejwe gutabara abakomerekeye mu myiyerekano bavuze ko igiporisi cagerageje kwinjira mu bitaro i Khartoum, kandi umwe mu bajejwe umutekano yarashe ivyuka muri bimwe mu bitaro.

Ababibonye bavuze ko iyi myiyerekano i Khartoum yari yitabiriwe n’abantu benshi kuruta uko vyahora. Yashitse n’inyuma y’umurwa mukuru, ija no mu ntara ya Darfur y’uburengero, no mu mareta ya Kassala na Gedaref ari mu buseruko.

Intumwa idasanzwe ya ONU, Volker Perthes, yavuze kuri uyu wa kane ko ubwo bwicanyi bukwiye kurangira. Nawe ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika i Khartoum yasavye ko abasivile bakingirwa kugira ntihasubire kuba abahasiga ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG