Uko wahagera

Uburusiya Bwateye Misile mu Murwa Mukuru Kiev wa Ukraine


Umurwa mukuru Kiev inyuma y'ibisasu vyatewe n'Uburusiya kuwa mungu mu gitondo, kw'itariki ya 5/06/2022
Umurwa mukuru Kiev inyuma y'ibisasu vyatewe n'Uburusiya kuwa mungu mu gitondo, kw'itariki ya 5/06/2022

Uburusiya bwacucagiye ibisasu vya misile mu gatondo ko kuri uyu w’Imana i Kiev ku murwa mukuru wa Ukraine. Bubaye ubwa mbere mu kiringo kirenga ukwezi Uburusiya burasa uwo murwa mukuru.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya bwavuze ko bwasambuye ibiduga vya blinde vyarungitswe muri Ukraine n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.

Perezida w’Uburusiya, Vladimir Poutine, yagabishije ko igihugu ciwe kigiye gutera ibice vya Ukraine kitarateramwo mu gihe ibihugu vyo mu burengero vyobandanya umugambi bifise wo kurungikira Ukraine ibisasu vya roketi biraswa ikirere kirekire.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yavuze mu ndwi iheze ko Amerika itegekanya kurungikira Ukraine uwundi murwi mushasha w’ibirwanisho vy’agaciro kangana imiriyoni 700 z’amadolari. Ibi birwanisho bigizwe n’amaroketi adakunze guhusha aho atewe, kajugujugu, amaradari, ivyuma vyo gusubiriza ivyapfuye hamwe n’ibindi. Amerika yavuze ko Ukraine yayijeje ko itazokoresha izi roketi mu gutera ku butaka bw’Uburusiya.

Mu kiganiro yatanze kuri televiziyo, Perezida Poutine yavuze ko ibi vyose ata kindi bitumbereye atari ugushaka ko iyi ntambara imara igihe kirekire uko bishoboka. Yaragabishije ko mu gihe Ukraine yoronswa ubwo bwoko bwa roketi, Uburusiya buzoca bukoresha uburyo bwose bufise busambure ububiko bwose bw’ibikoresho vya gisirikare vya Ukraine.

Uburusiya bwavuze kuri uyu w’Imana ko bwateye amabarabara y’indarayi, hamwe n’izindi nyubako zitari bwigere ziterwa kuva aho umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, agendeye Kiev kw’itariki ya 28 y’ukwa kane.

@Reuters, AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG