Uko wahagera

Uburusiya Burahakana Uruhara mw'Ikena ry'Imfungurwa kw'Isi


Prezida w'Uburusiya kumwe na mugenzi wiwe wa Senegal
Prezida w'Uburusiya kumwe na mugenzi wiwe wa Senegal

Abategetsi b'Uburusiya bavuga ko ata ruhara bafise ku bijanye n'ibibazo vyerekeye ibifungurwa bitera vyiyongera kw'isi. Ni igihe Prezida Vladimir Putin yabonana uno musi ku wa gatanu n'abategetsi b'umuryango w'ubumwe bwa Afrika. Prezida Putin yababwiye ko ata ruhara Uburusiya bufise mu bibazo vyerekeye ibifungurwa bitera vyiyongera biriko bigira ingaruka ku mugabane w’Afrika.

Uburusiya butangaza ko kuba ibifungurwa n’ibindi bidandazwa bidashobora gusohoka ibivuko vyatewe n’amabombe ategwa abantu bita mine areremba mu mazi ari hafi y’ibivuko vyo muri Ukraine. Harimwo kandi n’ibihano ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyafatiye igihugu ciwe vyagize ingaruka ku ntete n’ibitabizo gishorera hanze.

Ibihugu vyo muri Afrika birageramiwe bikomeye n’ibibazo vy’ibifungurwa vyatumye ibiciro vy’intete, amavuta yo guteka, ibitoro n’ibitabizo, biduga bikomeye cane. Uburusiya na Ukraine vyimbura ica gatatu c’ingano kw’isi, mu gihe Uburusiya ari bwo bushorera hanze ibitabizo vyinshi kurusha ibindi bihugu.

Ico gihugu catangaje ko citeguriye kurekurira ubwato butwaye ibifungurwa kuva muri Ukraine hamwe ibihano ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyagifatiye vyovanwaho. Abategetsi ba Ukraine bamiriye kure ico ciyumviro.

Mw’ijambo ryo kwugurura inama yagiranye n’abategetsi b’umuryango w’ubumwe bwa Afrika uno musi ku wa gatanu, Prezida Putin yavuze muri rusangi ku cifpuzo ciwe co gukomeza imigenderanire n’umugabane w’Afrika.(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG