Uko wahagera

Burkina Faso: Abasirikare Babiri Bahitanwe n'Igitero c'Abajihadiste


Abasirikare ba Burkina Faso bari gupfuba mugenzi wabo yagwiriye ku rugamba
Abasirikare ba Burkina Faso bari gupfuba mugenzi wabo yagwiriye ku rugamba

Abasirikare babiri ba Burkina Faso hamwe n’abasivile bane bafashanya n’abasirikare gucungera umutekano barishwe mu gutana mu mitwe kwabahuje n’abajihadiste ku musi wa gatatu.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano avuga ko abandi basirikare umunani bakomeretse, abarwanyi indwi baricwa muri uko kurasana kwabereye mu gisagara ca Dijbo, co mu ntara ya Soum, mu buraruko bw’igihugu.

Burkina Faso, yinjiye mu ntambara n’abajihadiste bavuye mu gihugu kibanyi Mali kuva mu 2015.

Uru rugamba n’imihari ishamikiye kuri Al-Qaeda n’umuhari wa reta ya kiyisilamu rumaze guhitana ubuzima bw’abantu barenga 2.000 hamwe n’abashika umuriyoni 1.8 bataye ingo zabo.

Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba, aramutswa uburongozi bwa Burkina Faso, yatangaje ko kugarukana umutekano mu gihugu ari co kiza imbere mu vyo ajejwe.

Ku musi wa gatatu, abajejwe umutekano bavuze ko bishe umukomanda w’abajihadiste mu buraruko, mu gitero c’indege bagavye kw’itariki ya 26 z’ukwa gatanu.

Tidiane Djibrilou Dicko yari ku rutonde rw’abajihadiste 46 Burkina Fasi yasohoye kuva mu ntango k’ukwezi kwa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG