Uko wahagera

HRW: Abanyagihugu muri Burkina Babangamiwe n'Intagondwa


Umwe mu banyagihugu ba Burkina

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch ryatangaje ko abanyagihugu muri Burkina Faso babangamiwe n’ibitero vy’intagondwa z’abaIslamu n’izabasirikare ba reta biguma vyiyongera.

Icegeranyo ca Human Rights Watch kivuga ko intambara muri ico gihugu imaze kwongereza ibitigiri vy’abantu bateshejwe ingo zabo n’abinjizwa mu migwi y’abagwanyi.

Ico cegeranyo kivuga kandi ko iyongerekana ry’ibitero ririmwo ugufata abantu ku nguvu (amabi afatiye ku gitsina) n’isahurwa ry’ibintu. Iyo ntambara yatanguye mu mwaka wa 2016 aho isa n’iyatumye umutekano w’akarere ka Sahel gahungabana.

Hamaze kwicwa abantu bashika kuri 600 hagati y’ukwezi kwa mbere n’ukwa kane muri uyu mwaka. Ivyo bikaba birenga incuro zitatu z’ibitigiri vyari muri ayo mezi nyene mu mwaka uheze wa 2021 nk’uko bishikirizwa mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe Armed Conflict Location & Event Data Project. Bavuga kandi ko ibitigiri vy’abantu bateshejwe ingo zabo vyashitse ku muriyoni umwe n’ibice 8 mu mpera z’ukwezi kwa kabiri. Ivyo bitigiri vyaduze incuro zine kw’ijana ugereranije no mu kwezi kwa mbere.

Ico cegeranyo ca Human Rigths Watch kivuga ko hongerejwe ku mabi akorwa n’imigwi y’iterabwoba, inzego za reta zijejwe umutekano nazo zigenda zongera amabi zikora, harimwo ubwicanyi n’inyuruzwa ry’abantu.

Fahiraman Rodrigue Koné umuhinga akwirikiranira hafi ibibazo vy’akarere ka Sahel akaba akora ubushakashatsi mu kigo cerekeye ivyigwa vy’umutekano kiri mu gisagara ca Bamako, avuga ko afise icizere ko Burkina Faso igiye kuzoronka agahengwe mu misi ya vuba kubera reta isa n’iyiriko iriyumvira kuja mu biganiro vy’umwumvikano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG