Uko wahagera

Reta ya Burkina Faso Yanse Ikirangamisi ca CEDEAO


Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba, Perezida wa Burkina Faso, ashika mu birori vy'iyimikwa ryiwe i Ouagadougou, itariki 2/3/2022

Reta irongowe ahanini n’abasirikare muri Burkina Faso kuri uyu wa mbere yanse kwemera ikirangamisi ca CEDEAO kigabanya ikiringo mfatakibanza c’imyaka itatu kugira ubutegetsi buzobe bwasubiye mu minwe y’abasivile.

Umuvugizi wa reta, Lionel Bilgo, yavuze ko ibiganiro bikibandanya kandi ko Burkina Faso yiteze kwumva ico CEDEAO ivuga. Ariko yongeyeko ko batazigera bakurikiza ikirangamisi giteye kubiri n’umugambi rusangi wabo wo kugarukana amahoro mu gihugu.

Burkina Faso yabaye igihugu ca gatatu cakoze kudeta inyuma ya Mali na Gineya Konakry.

Ishirahamwe CEDEAO ryarakuye ivyo bihugu bitatu muri uyo muryango ariko ibihano vy’ubutunzi n’ibishingiye kuri dipolomasiya vyafatiwe gusa Mali na Gineya Konakry.

CEDEAO yafashe ibihano ku bategetsi ba Mali, yugara imbibe ziyihuza n’ico gihugu, ifata amafaranga ya Mali ari mw’ibanki nkuru ivyo bihugu bisangiye, yongera iyifatiya ibihano vy’ubudandaji.

Kuri Gineya Konakry, abasirikare bakoze kudeta barahanwe babuzwa kugira ingendo mu bihugu vyo muri uyo muryango.

CEDEAO yarabangiriye gufatira ibihano Burkina Faso yiteze ko iki gihugu kigiye gutanga ikirangamisi c’amatora gishobora kwemerwa. Ariko mu ntango z’ukwezi kwa kane, umusirikare yafashe ubutegetsi, Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba yihaye ikiringo mfatakibanza c’amezi 36.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG