Uko wahagera

Blaise Compaore Yaciriwe Gupfungwa Ubuzima Bwiwe Bwose


Blaise Compaore
Blaise Compaore

Uwahoze ari Prezida wa Burkina Faso, Blaise Compaore, yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose kubera uruhara yagirijwe rwo gukorana n’abagandaguye uwo yasubiriye Thomas Sankara muri kudeta.

Sankara yari azwi ko afise ivyiyumviro vya “Marxisme”, yagandaguriwe ku murwa mukuru w’ico gihugu afise imyaka 37, amaze imyaka ine ku butegetsi yafashe akoze kudeta.

Babiri mu bategetsi bakuru bakorana na Blaise Compaore, Hyacinthe Kafando na Gilbert Diendere, nabo nyene baciriwe umunyororo wo guherayo.

Abo bagabo bose uko ari batatu hamwe n’abandi 11 bagirizwa uruhara mu rupfu rwa Sankara, bari babihakanye mbere. Batatu muri abo 11 barambitswe izera, abandi nabo bacirwa ibihano vyo gupfungwa imyaka iri hagati y’itatu na mirongibiri.

Blaise Compaore yaragiriwe n’ivyaha vyo kudurumbanya umutekano w’igihugu, gukorana n’abagandaguye Sankara hamwe no guhisha ikiziga ciwe.

Compaore yabandanije gutwara igihugu mu kiringo c’imyaka 27, imbere y’uko akurwa mu yindi kudeta mu mwaka w’2014. Yaciye ahungira muri Cote d’Ivoire, aho ashobora kuba akiba no muri iki gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG