Uko wahagera

Burkina Faso: Urubanza rw'Abagirizwa Kugandagura Thomas Sankara


Thomas Sankara Yahoze ari Prezida wa Burkina Faso
Thomas Sankara Yahoze ari Prezida wa Burkina Faso

Urubanza rw'abantu 14 bagirizwa ko bateguye kugandagura Thomas Sankara yahoze ari prezida wa Burkina Faso rwatanguye muri ico gihugu, uno musi ku wa mbere. Ni inyuma y’ikiringo kirenga imyaka 30 agandaguwe. Thomas Sankara yishwe mu mwaka w’i 1987 muri kudeta yari iyobowe n’uwo bahoze bacuditse, Blaise Compaore.

Compaore, aza kw’isonga mu bagirizwa, yagirijwe atariho ari ko yateguriye hamwe n’abandi umugambi w’ukugandagura Sankara. Ari mu buhungiro mu gihugu ca “Cote d’Ivoire”. Yagumye ahakana ko hari uruhara na rumwe yagize mw’iyicwa ryiwe.

Mariam Sankara, umutambukanyi wa nyakwigendera Sankara, yabwiye abamenyeshamakuru ko iki ari igihe bari barindiriye. Yamenyesheje ko afise icizere ko urubanza ruzotanga umuco ku rupfu rw’abandi bantu 12 ku musi kudeta yabereyeko.

Mariam Sankara avuga ko urubanza rukenewe kugira umuco w’ukudahana n’ubwicanyi bikibandanya kubera mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika bihagarare burundu. Sankara yafashe ubutegetsi muri kudeta yabaye mu mwaka w’i 1983 afise imyaka 33. Yari yemereye abanyagihugu kurwanya ruswa n’ubukoloni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG