Uko wahagera

Burkina Faso: Abagera kuri 40 Barahitanywe n'Ubwicanyi


Ikarata ya Burkina Faso

Abantu bagera kuri 40, benshi muri bo 13 ni abasivile bafasha igisirikare ca reta, barishwe mu vyikekwa ko ari ibitero vy'intagondwa z'abayislamu vyabaye ku musi wa gatandatu w'iyi ndwi turangije muri Burkina Faso. Ibyo byabereye ahitwa Kompienga hafi y’urubibe Burkina Faso ihana na Togo na Benin. Abasivile bagera kuri 15 barishwe ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye igihe imodoka barimwo yaterwa.

Mu kindi gitero cabaye mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu ku birindiro vy’igipolisi ahitwa Faramana hafi y’urubibe na Mali abantu 2 barakomeretse. Ibitero vy’intagondwa z’abayislamu vyarabandanije muri Burkina Faso inyuma y’agahengwe kari kamaze indwi zitari nke. Abasivile n’inteko zijejwe umutekano zitari nke barishwe muri ivyo bitero.

Burkina Faso yarageramiwe n’ibitero vy’intagondwa z’abayislamu kuva mu mwaka w’i 2015, igihe zatangura ibitero muri ico gihugu ziturutse muri Mali. Gushika ubu abantu barenga 2.000 barishwe, abandi bagera ku miliyoni 2 barahunga ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG