Uko wahagera

Igitero c'Iterabwoba Cahitanye Abasirikare 8 muri Togo


Abasirikare ba Togo

Abasirikare umunani ba Togo bishwe kuri uyu wa gatatu abandi 13 barakomereka mu gitero c’iterabwoba cabaye mu buraruko bw’ico gihugu, hafi y’urubibe na Burkina Faso. Reta yavuze ko bishwe n’abajihadiste.

Abasirikare ba Togo barungitswe mu buraruko bw’ico gihugu kugerageza kurwanya abajihadiste binjira baturutse muri Mali, Burkina Faso na Nijeri. Ivyo bihugu vyabaye ikirimbiro ry’imihari y’iterabwoba ishamikiye kuri Al-Qaeda n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Nta muhari uremanga ko ari wo wakoze ico gitero.

Amakuru yatanzwe n'umutegetsi mukuru mu gisata c’abajejwe umutekano muri Togo atashimye ko amazina yiwe amenyekana yavuze ko abo basirikare batewe n’umurwi w’abitwaje ibirwanisho bashika 60 bari ku mapikipiki.

Umutegetsi ajejwe ivy’imigenderanire mu bumwe bwa Buraya, Josep Borrell yavuze kuri uyu wa gatatu ko iki gitero cerekana ko iterabwoba ririko rirakwirakwira rigana mu bihugu vyo mu Kigobe ca Gineya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG