Uko wahagera

Mali: Abihevyi Bateye Ikambi 3 za Gisirikare Bishe 6


Bamwe mu basirikare ba Mali

Igisirikare ca Mali gitangaza ko abasirikare baco 6 baguye mu bitero intagondwa zagavye ku makambi atatu, 20 nabo bagakomereka.

Itangazo ryasohowe n’intwazangabo za Mali rivuga ko ikambi zatewe n’imodoka z’abakamikaze zarimwo ibi bombe ari izo mu bisagara vya Sévaré, Niono, na Bapho. Hambavu y’abahasize ubuzima n’abakomeretse, indege ya kajugujugu nayo yononekaye.

Sévaré iri mu bisagara vyatewe, ni igisagara kiri mu karere kitwa Mopti muri Mali, cahoze gifatwa nk’ikirindiro gikuru c’umurwi wa G5 Sahel wahozemwo ingabo za Burkina Faso, Cadi, Mali, Moritaniya na Nijeri zari zagiye hamwe mu rugamba rwo kurwanya iterabwoba.

Icicaro gikuru c’uwo murwi cahavuye cimurirwa i Bamako mu 2018 inyuma y’igitero cahitanye abanyagihugu benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG