Uko wahagera

Ubutegetsi bwa Mali Bwihaye Imyaka 2 y'Imfatakibanza


MALI-UNREST-CONFLICT
MALI-UNREST-CONFLICT

Ubutegetsi gisirikare muri Mali bwatangaje kuri uyu wa kane ko bwatanguye ikiringo mfatakibanza co gutwara kizomara imyaka ibiri, imbere yo gutunganya amatora.

Choguel Maiga, umushikiranganji wa mbere yashizweho n’abo basirikare muri Mali yavuze ko bitokunda ko baja munsi y’amezi 24 kiretse bemeye ko bazoca bayunguruza.

Ariko, ishirahamwe CEDEAO riracahagaze aho ryamye ko amatora abwirizwa gutunganywa mu kiringo kitarenze amezi 16. Umushikiranganji wa mbere Maiga yavuze ariko ko ibiganiro na CEDEAO bibandanya.

Igisirikare ca Mali cafashe ubutegetsi mu kwezi kwa munani 2020 kandi kuva ico gihe kiguma gisabwa n’akarere hamwe n’amakungu gusubiza ubutegetsi mu ntwaro ya demokarasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG