Uko wahagera

Umukuru w'Ubumwe bwa Afurika Azogirana Inama na Putin


Prezida wa Senegali, Macky Sall,
Prezida wa Senegali, Macky Sall,

Prezida wa Senegal, Macky Sall, ayoboye umuryango w'ubumwe bwa Afrika muri iki gihe, azogirana ibiganiro na prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, mu gisagara ca Sochi kiri mu bumanuko bw'igihugu.

Ibiro vya Prezida Sall vyatangaje, uno musi ku wa kane, ko urugendo rwiwe rugenewe gutuma ibibandazwa nk’intete n’ibitabizo bifatiriwe mu bivuko, mu biriko bigira ingaruka kuri Afrika, birekurirwa gusohoka. Rugenewe kandi guhagarika intambara muri Ukraine.

Urwo rugendo rwateguwe inyuma y’ubutumire bwa Prezida Putin. Prezida Macky Sall azogenda ajanye n’umukuru w’urwego nyobozi rw’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

Bitegekanijwe kandi ko prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky ashikiriza ijambo umuryango w’ubumwe bwa Afrika hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, n’aho ata taliki iratangazwa.

Mu ntango z’iyi ndwi, Prezida wa Senegal, Macky Sall, yasavye abayobozi b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya gufasha kugabanya ibiciro vy’ibidandazwa ngenderwako vyiyongeye bikomeye.

Amenyesha ko ingingo y’Uburusiya y’ukuzibira amayira yo mu mazi akoreshwa mu vy’ubudandaji yegereye igisagara ca Odessa vyagize ingaruka mbi zikomeye ku bidandazwa igihugu ca Ukraine gishorera hanze. Arashigikiye akigoro k’ishirahamnwe ONU ko kwugurura ikivuko ca Odessa.

Ingwano muri Ukraine yatumye ibiciro vy’ibitoro, intete n’ibitabizo biduga bikomeye cane kw’isi. Ingaruka y’iyo ngwano ikaba iriko iribonekeza bikomeye cane mu bihugu vyo muri Afrika.

Uburusiya na Ukraine n’ibihugu bishorera cane intete muri Afrika. Uburusiya burashorera cane kandi ibitabizo kuri uwo mugabane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG