Uko wahagera

Perezida Tshisekedi Yemeye Guha u Rwanda Abasirikare Barwo


Perezida Félix Tshisekedi, wa RDC na mugenzi we wa Angola, Joao Lourenco i Luanda, kw'itariki ya 31/05/2022
Perezida Félix Tshisekedi, wa RDC na mugenzi we wa Angola, Joao Lourenco i Luanda, kw'itariki ya 31/05/2022

Repubulika ya demokarasi ya Kongo yemeye kurekura abasirikare babiri b’u Rwanda ivuga ko yafatiye ku butaka bwayo.

Perezida wa Angola, Joao Lourenco, yabitangaje ahejeje kubonana na Perezida wa RDC, Felix Tshisekedi mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri.

Ibiro vya perezida Lourenco vyavuze ko iyi ntambwe itumbereye guhwamika icuka kibi kiri hagati y’ivyo bihugu bibanyi.

Lourenco mu nyuma yavuganye na perezida w’u Rwanda Paul Kagame, mu kiganiro cabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo.

Icuka kibi muvya kidiporomasiya hagati y’u Rwanda na Kongo catanguye mu misi iheze aho izo mpande zibiri zagirizanya gufasha imihari yitwaje ibirwanisho mu ntara yo mu buseruko bwa RDC, ku rubibe n’u Rwanda.

U Rwanda mu ndwi iheze rwagirije abasirikare ba Kongo gutera ibisasu vya roketi ku butaka bwarwo. Rwavuze kandi ko abasirikare barwo banyurujwe n’abarwanyi ba FDLR baharanira guhabuza u Rwanda, barwanira mu buseruko bwa Kongo.

Igisirikare ca RDC naco cavuze ku musi w’Imana ko abo basirikare babiri b’u Rwanda bafatiwe ku butaka bwa Kongo.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG