Uko wahagera

RDC: Imyiyerekano Yiyama U Rwanda i Kinshasa


Imyiyerekano i Kinshasa muri RDC
Imyiyerekano i Kinshasa muri RDC

Abantu baharurwa mu majana bakoze imyiyerekano yiyamiriza u Rwanda kuri uyu wa mbere i Kinshasa ku murwa mukuru wa Repubulika ya demokarasi ya Kongo. Bagiriza u Rwanda kuba ngo rufata mu mugongo umuhari M23, mu gihe icuka kibi hagati y’ivyo bihugu bibiri bibanyi kirushiriza kwiyongera.

Abari mu myiyerekano basavye ko ambasaderi w’u Rwanda yirukanwa. Mu vyivugo vyabo bavuga ko Kongo ari igihugu cabo, ata santimetero n’imwe izoja ku Rwanda. Bari bafise ama-bougie, baririmba indirimwo ziyamiriza perezida w’u Rwanda, Paul Kagame.

Pasi Nkoy, wo mu mugambwe, UPDS, Union pour la Democratie et le Progress Social, yavuze ko bashigikiye igisirikare ca Kongo, FARDC, kandi ko urwaruka rwabo rwiteguye kuja mu gisirikare kurwanira igihugu.

Kongo imaze imisi yagiriza u Rwanda ko rufasha M23, umuhari ugizwe ahanini n’abakongomani bo mu bwoko bw’abatutsi. Hari inyuma yo gutana mu mitwe kwabaye hagati y’uwo muhari n’igisirikare ca Kongo mu ndwi iheze, mu ntara ya Kivu y’uburaruko, ihana urubibe n’u Rwanda.

Ariko, umuvugizi wa reta, Patrick Muyaya, yavuze kuri uyu wa mbere ko Kongo itugaye umuryango w’ibiganiro.

Ku musi wa gatandatu, ikompanyi y’indege, RwandAir yatangaje ko ihagaritse ingendo zayo muri RDC, inyuma y’aho abategetsi ba Kongo bayihagarikiye bongera batumako ambasaderi w’u Rwanda.

Igisirikare c’u Rwanda, (RDF) mu nyuma caciye kivuga ko hari abasirikare baco babiri banyurujwe bari mu bikorwa vyo gukizura. Kivuga kandi ko bari mu minwe y’umuhari wiyemeje kubohoza u Rwanda, FDLR, ukorera mu buseruko bwa RDC.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ku musi wa gatanu ko iyi mirwano yatumye hahunga abantu 72.000, ritako rigabisha ko bashobora kubangamirwa iyo bahungiye kandi n’amazu yabo agasamburwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG