Uko wahagera

Perezida w'Amerika n'Icegera Ciwe Ntibemerewe Guhonyoza Ikirenge mu Burusiya


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika Joe Biden

Perezida wa Polonye uno munsi ku wa Mungu arashikiriza ijambo abagize inama nshingamateka ya Ukraine. Perezida Andrzej Duda ni we mutegetsi wa mbere wo kw’isi aza gushikiriza ijambo Ukraine kuva ico gihugu gitanguye guterwa n’Uburusiya. Polonye yakiriye impunzi zo muri Ukraine zirenga imiriyoni 2.

Hagati aho, ejo ku wa gatandatu, Uburusiya bwasohoye urutonde ruriko abanyamerika bababa 1000 batemerewe guhonyoza ikirenge ku butaka bwabo. Mu bafatiwe ibihano, harimwo Prezida w’Amerika Joe Biden na visi Perezida wiwe Kamala Harris. Abari kuri urwo rutonde bose bagirizwa gushigikira Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG