Uko wahagera

ONU Isaba Uburusiya na Ukraine Gusubira ku Meza y'Ibiganiro


Abasirikare ba Ukraine bava mu kibanza gihingurirwamwo ivyuma rya Azovstal, i Mariupol bishikana ku basirikare b'Uburusiya, kw'itariki ya 19/05/2022
Abasirikare ba Ukraine bava mu kibanza gihingurirwamwo ivyuma rya Azovstal, i Mariupol bishikana ku basirikare b'Uburusiya, kw'itariki ya 19/05/2022

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu wa kane ryasavye Uburusiya na Ukraine gusubira ku meza y’ibiganiro vyo guhagarika intambara vyahagaze. Ni inyuma yo kwishima ko kuganira ari vyo vyatumye hakurwa abantu batari bake i Mariupol.

Umutegetsi arongoye igisata ca ONU kijejwe imfashanyo, Martin Griffiths, yavuze ko ukwishikana kw’abasirikare ba Ukraine ku Barusiya bitari gukunda iyo abategetsi b’ivyo bihugu batari kuganira. Abasaba kuvyubakirako kugira ibiganiro vyariko birabera muri Turukiya bisubire gutangura.

Turukiya yarakiriye ibiganiro hagati y’Uburusiya na Ukraine, hamwe n’ibindi hagati y’abashikiranganji b’imigenderanire b’ivyo bihugu, mu kwezi kwa gatatu.

Kandi perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yavuze ko yipfuza gutegura umubonano hagati ya perezida w’Uburusiya, Vladimir Poutine n’uwa Ukraine, Volodymyr Zelensky. Ariko Ukraine yavuze muri iyi ndwi ko ibiganiro bikibaye birabangirwa, kuko Uburusiya ata bushake bwerekana bw’uko ari ngombwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG