Uko wahagera

Intambamyi mu Biganiro vy'Uburusiya na Ukraine


Prezida wa Ukraine n'uw'Uburusiya

Ingabo za Ukraine kuri uno wa gatandatu zazibiye ingabo z’Uburusiya zari zagerageje kwinjirira mu bumanuko n’ubuseruko bwa Ukraine mu ntumbero yo kwigarurira akarere kitwa Donbass kabarizwamwo amahinguriro menshi muri Ukraine. Abasesanguzi mu gisirikare co mu burengero bavuga ko ibitero vy’Uburusiya biri ku muvuduko muke ugereranije n’uko vyari vyitezwe.

Uburusiya bwigamvye ko bwateye ibibanza bigera ku 380, buraba ko bwokwigarurira ahitwa Louhansk na Donetsk haherereye mu karere ka Donbass. Ibiro bikuru vya gisirikare muri Ukraine vyo yamara bivuga ko ibitero vy’Uburusiya vyo kuri uno wa gatandatu ataco vyashitseko kandi ko ingwano ikibandanya. Igisagara citwa Kharkiv, kigira kabiri mu bunini muri Ukraine kiri mu vyatewe.


Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy mw’ijambo yacishije kuri tereviziyo, yavuze ko ingabo za Ukraine zisubije kamwe mu karere gakomeye kegereye umurwa mukuru, kandi ko zashoboye guhungisha abasivile batari bake.


Hagati aho, Uburusiya na Ukraine bose bemeza ko kuganira hagati y’izo mpande zibiri bigoye: Prezida wa Ukraine yatangaje ko bigoye ko haba ibiganiro vy’amahoro mu gihe hari agashavu k’abanyagihugu gaterwa n’ivyaha vyegekwa ku ngabo z’Uburusiya. Ku rundi ruhande, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu nawe yavuze ko ibihano amakungu yafatiye igihugu ciwe, n’ibirwanisho bimwe mu bihugu vyahaye Ukraine bidashobora gutuma ibiganiro vy’amahoro bitera intambwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG