Uko wahagera

Somaliya: Perezida Yatowe Yiyemeje Kuzorwanya Al-Shabab mu Misi 100 ya Mbere


Perezida mushasha yatowe muri Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud
Perezida mushasha yatowe muri Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud

Perezida mushasha yatowe muri Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud, avuga ko mu misi 100 ya mbere, reta yiwe igiye kuzoshira inguvu ku bibazo birimwo ivy’umutekano, kunagura ubutunzi, kugarukana icuka ciza ca poritike, hamwe no gusaba ko igihugu gitezurirwa amadeni.

Mohamud yatowe ku musi w’Imana ubugira kabiri, yatsinze uwuhari Mohamed Abdullahi Mohamed. Agarutse ku butegetsi inyuma yo kuba yaratwaye ico gihugu kuva 2012 gushika mu 2017.

Kurwanya al-Shabab, yongereje ibitero muri Mogadishu mu mezi aheze, ni kimwe mu bibazo biri imbere yiwe. Avuga ko afise icizere ko mu misi 100 ya mbere, kugarukana umutekano muri Mogadishu, kiri mu biza imbere.

Mu kiganiro yahaje Ijwi ry’Amerika, Mohamud yashimye ko inteko zidasanzwe za Reta zunze ubumwe za Amerika zigiye gusubira muri Somaliya gufasha kurwanya uwo muhari w’iterabwoba.

Mohamud yavuze ko vuba agiye kuzogena umushikiranganji wa mbere kandi ahinyanyure amwe mu mategeko azokemura ikibazo c’indyane z’ubutegetsi zama hagati ya perezida n’umushikiranganji wa mbere. Ibi ngo biri mu vyazingamitse igihugu mu twigoro tw’amareta ahitiye mu gihugu.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG