Uko wahagera

Amerika Igiye Gusubira Kurungika Abasirikare muri Somaliya


Perezida Biden Kumwe na bamwe mu basirikare b'Amerika
Perezida Biden Kumwe na bamwe mu basirikare b'Amerika

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yateye igikumu ku ngingo yerekeye gusubira kurungika inteko za Amerika muri Somaliya. Iyo ngingo ifashwe inyuma y’uko Donald Trump yahoze ari prezida wa Amerika yari yategetse ko inteko za Amerika zivanwa muri Solamiya ku ntwaro yiwe.

Imbere y’uko Trump afata iyo ngingo, Amerika yari ifise inteko zigera ku 700 muri Somaliya. Zari zijejwe gufasha inteko zo muri ico gihugu mu rugamba rw’ugutsinda abarwanyi b’umurwi al-Shabab ukorana na Reta ya Kiyislamu.

Prezida Biden yafashe ingingo y’ugusubira kurungika inteko z’igihugu ciwe muri Somaliya muri urwo rugamba nk’uko vyatangajwe n’umutegetsi akomeye muri reta yiwe atashatse ko izina ryiwe rimenyekana.

Naho ata nteko Amerika yari ifise muri Somaliya kuva Prezida Trump ategetse ko zivanwayo mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2020, igisirikare ca Amerika carakoze ibitero muri ico gihugu gikoresheje indege z’ingwano. Amerika irafise kandi inteko mu bihugu bibanyi na Somaliya.

Umurwi al-Shabab urakora akatari gake ibitero vy’amabombe ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho no mu bindi bice vy’igihugu. Ni mu rugamba rwayo rw’ugutembagaza reta ihari igashiraho intwaro ifatiye ku mabwirizwa ya kiyislamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG