Uko wahagera

Hassan Sheikh Mohamud Yatowe Kuba Perezida wa Somaliya


Hassan Sheikh Mohamud
Hassan Sheikh Mohamud

Perezida yatowe kurongora Somaliya ni Hassan Sheikh Mohamud. Atowe ubugira kabiri kurongora ico gihugu mu matora yarangiye kuri uyu w’Imana. Agiye kuzosubirira Perezida Mohamed Abdullahi Mohamed. Ni amatora yarimwo abakandida 36, aho amajwi ya nyuma yagaragaye inyuma y’amatora y’abashingamateka n’abasenateri yahaye Hassan Sheikh Mohamud amajwi 165, arenze ayasanzwe asabwa kugira umukandida yamerwe ko yatsinze.

Abashingamateka n’abasenateri batoreye mw’ihema i Mogadishu, mu kibanza gicungerewe cane ku kibuga c’indege. Mu gihe ayo matora yariki araba, humvikanye ibisasu biturika hafi y’ico kibanza.

Igiporisi cavuze ko ata wasize ubuzima igihe ico gisasu caturika. Nta ruja n’uruza rwari ku murwa mukuru kuri uyu w’Imana kuko igiporisi cari casavye abanyagihugu kuguma mu ngo zabo gushika kuri uyu wa mbere.

Aya matora vyitezwe ko agiye kurangiza indyane zishingiye kuri poritike zimaze umwaka urenga zizingamitse Somaliya, inyuma y’aho ikiringo ca Perezida Mohamed Abdullahi Mohamed kirangiriye mu kwezi kwa kabiri 2021 ata matora yabashije gutunganywa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG