Uko wahagera

Kongo na Tanzaniya Vyagirizwa Kuburabuza Impunzi z'Abarundi


Zimwe mu mpunzi z'Abarundi mw'ikambi ya Nyarugusu
Zimwe mu mpunzi z'Abarundi mw'ikambi ya Nyarugusu

Amashirahamwe yigenga aharanira uburenganzira bwa muntu yarakoze icigwa cerekana ingene impunzi z’Abarundi bahungiye mu bihugu vy’akarere ka EAC zibayeho. Ayo mashirahamwe yerekana ko iziba muri Tanzaniya no muri Kongo ziburabuzwa zigategekwa gutahuka ku nguvu, izindi zikanyuruzwa, mu gihe iziba mu Rwanda no mu Buganda zifise agahengwe kuko zubahirizwa.

Ishirahamwe HCR, igisata co mu karere k'Ubuseruko bwa Afrika ryemereye Ijwi rya Amerika ko amakuru y’uko impunzi ziri muri Tanzaniya zifashwe nabi rimaze kuyumva, rigahakana ko ryoryo atawe ritegeka guhunguka ku nguvu.

Ishirahamwe Rukristu ryigenga rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (Action des chrétiens pour l'abolition de la torture, ACAT-Burundi), rikorera hanze y’igihugu, ni ryo ryafashe iya mbere mu gukora amatohoza ari mu cigwa cerekana ingene impunzi z’Abarundi zibayeho mu bihugu bitandukanye zahungiyemwo, mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Armel Niyongere, atwara ACAT-Burundi, yiganiye Ijwi rya Amerika ingene izo mpunzi zibayeho mu Rwanda, muri Tanzaniya, muri Kongo no mu Buganda. Avuga ko iziri muri Tanzaniya zibayeho mu makuba adasanzwe.

Leopold Sharangabo, icegera c’uwutwara urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi, CBDH/VICAR aratanga uburorero bw’amabi akorerwa mu makambi y’impunzi ya Nduta na Nyarugusu muri Tanzaniya.

Ayo mashirahamwe yerekana ko u Rwanda n’Ubuganda ari vyo bihugu bigerageza kwubahiriza amategeko mpuzamakungu akingira agateka k’impunzi nk’amasezerano yo mu mwaka w’1951 y’i Geneve mu Buswise ari na yo ishirahamwe HCR ryitaho impunzi rigenderako.

Ivyagiriji nk’ivyo vy’amashirahamwe yigenga, ku mwaka uheze vyari vyashizwe ahabona n’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, Union Africaine. Urwo rwego rwamenyesheje ko rutewe umutima uhagaze n’ibikorwa bihohotera uburenganzira bw’impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya.

Uwo muryango werekanye ko ari ihohoterwa riciye kubiri n’amasezerano mpuzamakungu akingira impunzi. Ijwi rya Amerika ryashatse kumenya ico igihugu ca Tanzaniya kibivugako, rihamagara Sudi Mwakibasi, umuyobozi ajejwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu muri Tanzaniya, yamara ntivyadukundiye ko tumuronka.

Ico bikoze, mu mpera z’ukwezi guheze, uwo mutegetsi yaragendeye amakambi atandukanye yo muri ico gihugu. Ubutumwa yatangiye i Nyarugusu, ni na bwo yatangiye i Nduta. Yagize ati : “Harageze ko mwese mutahuka ku gushaka kwanyu, kuko mu gihugu canyu hari amahoro n’umutekano. Nta kibanza mugifise muri Tanzaniya nk’impunzi. Twifuza ko uyu mwaka w’2022 worangira mwese mwamaze gutahuka”.

Tina Ghelli, umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vya HCR biri i Nairobi muri Kenya, biraba akarere ka Afrika y’Ubuseruko, ibiyaga binini n’ihembe rya Afrika (Bureau régional du HCR pour l'Est, la Corne et les Grands Lacs en Afrique) aremeza bimwe mu biri muri izo raporo.

Uwo avugira ishirahamwe ryitaho impunzi ku munsi ku munsi, mu butumwa yahaye Ijwi ry'Amerika yagize ati : “Kuva aho habereye amatora mu Burundi, abategetsi b’Uburundi n’aba Tanzaniya barahamagariye cane impunzi gutahuka. Twebwe nka HCR twarafashije abarenga ibihumbi 26 bashaka gusubira mu gihugu cabo uyu mwaka. Ubwa mbere twibaza ko abo batahuka ku gushaka kwabo. Yamara, twaramenye ko akenshi mu bihe bitandukanye, ko abo Barundi baba bahatiwe gutaha batewe ubwoba. Dufise amakenga ko hari n’abafashe iyo ngingo kubera ubuzima bubi barimwo akaba ata kundi bafise bari kugira”.

Kubiraba HCR, yongeyeko ati: “HCR nta gikorwa na kimwe canke ivyo ryahora riha impunzi ryigeze rihagarika. Ahubwo ni kw’itegeko ry’abategetsi ba Tanzaniya. Twarabujijwe gusubira kwubakira impunzi nshasha canke gusanura amazu yasambutse, amasoko makuru makuru yarugawe, urudandazwa rurahagarikwa. Twarabwiye akatari gake Tanzaniya ko izo ngingo zikandamiza impunzi. Ikindi ni uko natwe HCR uburyo bwo gufasha impunzi bwagabanutse cane”.

Amashirahamwe yigenga yakoze ico cigwa cerekana ingene impunzi zibayeho, yiyemeje gufatanya n’amashirahamwe yo mu karere na mpuzamakungu cane cane ayakorera muri Tanzaniya kugira yitwarire ico gihugu mu masentare mpuzamakungu mu gihe atacohinduka ku buzima bw’impunzi.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika mu Rwanda.

Ivyagiriji kuri Kongo na Tanzaniya ku Kibazo c'Impunzi z'Abarundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:12 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG