Uko wahagera

Abimukira Barenga 40 Baburiwe Irengero mu Mazi ya Maroke


Achraf, w'imyaka 16, agerageza kwoga akoresheje amacupa y'amazi, hafi y'urubibe rwa Esupanye na Maroke
Achraf, w'imyaka 16, agerageza kwoga akoresheje amacupa y'amazi, hafi y'urubibe rwa Esupanye na Maroke

Abimukira hafi 44 baburiwe irengero igihe ubwato barimwo bwibira mu mazi ku nkengera z’amazi muri Sahara y’uburengero kuri uyu w’Imana.

Ishirahamwe ry’abagiraneza rifise icicaro muri Esupanye, Caminando Fronteras ni ryo ryatangaje iyi nkuru, rivuga kandi ko cumi na babiri bashoboye kurokoka igihe ubwo bwato bwibira, kandi baciye bahagarikwa. Ibiziga bine nivyo vyakuwe mu mazi ariko abandi ntibazwi irengero.

Ntibiramenyekana aho ubwo bwato bwariko buraja, ariko abimukira baturuka muri ako karere bakunze kuba berekeza mu mazinga ya Canary muri Esupanye.

Maroke niho abo bimukira baruhukira imbere yo gufata amayira bagana ku mugabane wa Buraya kurondera ubuzima bwiza.

Ku musi wa gatanu, ibihugu vya Maroke na Esupanye vyemeranije ko bigiye gukomeza imigenderanire no gukorera hamwe ku kibazo c’abo bimukira.

Abarenga 14.700 baragerageje gufata izo ngendo ariko baburizwamwo, iyindi mirwi 52 y’abafasha abo bimukira muri izo ngendo irasamburwa muri Maroke mu mezi atatu ya mbere y’uyu mwaka, nkuko ubutegetsi bwa Maroke buvuga.

Kubw’umushikiranganji wa Esupanye w’intwaro mu gihugu hagati, abimukira barenga 40.000 barinjiye mu gihugu baciye mu mazi mu 2021.

Ishirahamwe ry’abagiraneza Caminando Fronteras ryavuze ko muri uyo mwaka nyene, abimukira barenga 4.400 bahasize ubuzima canke baburirwa irengero bariko bagerageza kwinjira muri Esupanye.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG