Abimukira cumi n’umwe baburiwe irengero mw’ibahari, inyuma y’ibikorwa vyo kubatabara vyabereye mu mazinga ya Canaries yo muri Esupanye, mu gaturuturu k’uno wa gatatu. Abasirikare ba Espanye bacungera umutekano mu mazi bavuze ko ubwo bwato bwarimwo abimukira hafi 30.
Abarokotse bavuze ko bandurutse bava muri Maroke bangana 39, kandi barimwo abagore n’abana.
Uwundi mugore yaratowe mu ndwi iheze bamusanze ari wenyene ku bwato bwari bwihindukije muri ayo mazinga ya Canaries nyene, ku nkengera z’amazi mu gice co mu buraruko bushira uburengero bwa Afrika. Uwo mugore yavuze ko abo bari kumwe bose hafi 50 atazi iyo bari.
Abimukira bagerera muri ayo mazinga barongerekanye cane kuva mu mpera z’umwaka wa 2019, inyuma y’aho imikwabu yongerejwe mu muhora bacamwo mw’ibahari Meditarane.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, rivuga ko abimukira hafi 428 bapfuye canke baraburirwa irengero kuri uyo muhora w’amazinga ya Canaries. OIM ivuga ko ivyo vyabaye hagati y’itariki 1 y’ukwezi kwa mbere n’itariki 20 z’ukwezi kw’umunani. Biyongereyeko 102 ugereranije n’igihe nk’ico mu mwaka uheze. (AFP)
Facebook Forum