Uko wahagera

Abimukira Barenga 4000 Bapfiriye mu Mazi Bagerageza Kuja muri Esupanye mu 2021


Abimukira barenga 4.000 barapfuye canke baburirwa irengero bariko bagerageza gushika muri Esupanye mu mwaka wa 2021. Biyongereye kabiri ugereranije n’umwaka wa 2020. Ibi vyavuzwe n’ishirahamwe ryo muri Esupanye ritegamiye reta, Caminando Fronteras, rikurikiranira hafi amato ari mu kaga mu mazi, kuri uyu wa mbere.

Abimukira bashika mw’izinga rya Canary muri Esupanye baciye mw’ibahari Atlantike biyongereye kuva mu mpera z’umwaka wa 2019. Ni inyuma y’aho hongererejwe imikwabu ku nkengera z’amazi mu bumanuko bwa Bulaya.

Ishirahamwe Caminando Fronteras rivuga ko abimukira 4.404 bapfuye canke baburiwe irengero bariko baragerageza kwinjira muri Esupanye.

Iki ni co gitigiri ca mbere kinini c’abapfa buri mwaka kuva iryo shirahamwe ritanguye gutororokanya ivyo bitigiri mu 2015.

Abimukira bashika 37.385 ni bo bashitse muri Esupanye baciye mu mazi mu mwaka uheze wa 2021, nkuko ibiharuro vy’ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati muri ico gihugu bivyerekana. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG