Uko wahagera

Ubutaliyano Bwakiriye Abimukira Barenga 500 bari Bamaze Imisi 14 mw'Ibahari


EU Libya Migrants
EU Libya Migrants

Abimukira barenga 500 kuri uyu wa gatatu batanguye kuva mu bwato bwatabawe kugira babapime Covid-19 mw’izinga rya Sisile mu Butaliyano, inyuma yo kumara indwi zibiri mw’ibahari. Ibi vyavuzwe n’ishirahamwe ry’abagiraneza n’ibimenyeshamakuru.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu w’Ubutaliyano ku musi wa kabiri yaremereye ubwato bwarimwo abimukira 558 kugerera ku kivuko ca Augusta, nkuko vyavuzwe n’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe (MSF).

Abaforoma kuri uyu wa gatatu batanguye gupima abo bimukira Covid-19, batatu muri bo batwarwa mu bitaro, nkuko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubutaliyano, AGI, ryabivuze.

Igisata ca ONU cita ku mpunzi, HCR, kigereranya ko abimukira 114.584 bashitse mu Butaliyano, mu Bugiriki, muri Esupanye, Shipre na Malta baciye mu mazi uyu mwaka. HCR ivuga ko abapfiriye muri ayo mazi uyu mwaka bashika ku 1.839.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG