Uko wahagera

Abimukira 10 Bapfiriye muri Mediterane Bashikanywe mu Butaliyano


Ubwato butwaye ibiziga vy'abimukira 10 batowe mu mazi y'ibahari Mediterane bwashitse ku musi wa gatanu w'indwi irangiye mw'izinga rya Sisile ryegukira igihugu c'Ubutaliyano.

Ibiziga vy’abo bantu vyari kumwe n’abandi batari bake batabawe mu gihe bariko bagerageza kujabuka ibahari Mediterane.

Abakora ku bwato bw’ishirahamwe ry’abagiraneza, “Medecins Sans Frontieres” batoye ivyo biziga mu bwato bwari butwaye igitigiri kirenze urugero c’abimukira mu mazi y’iyo bahari.

Abo bagiraneza bamenyesha ko abo bantu bapfuye kubera kubura impwemu inyuma yuko bamaze amasaha 13 mu gice co hasi c’ubwato barimwo camota cane ibitoro.

Iryo shirahamwe “Medecins Sans Frontieres” rivuga ko abimukira batabawe, benshi baturuka ku mugabane w’Afrika, barimwo abana bakiri bato. Uwari muto cane kurusha abandi muri bo yari afise amezi cumi gusa. Ryizeye ko bazoronswa imfashanyo bakeneye mu gihe abapfuye bazoshingurwa mu buryo bubereye.

Ibitigiri vy’abimukira batera bagana igihugu c’Ubutaliyano vyariyongeye cane mu ndwi za vuba. Abagera ku 59702 barashitse muri ico gihugu muri uyu mwaka nkuko bishikirizwa n’ibiharuro bitangwa n’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati. Biyongeye bavuye ku 32476 bahashitse mu mwaka w’i 2020.

Ishirahamwe, “Medecins Sans Frontieres” ritangaza ko abantu 1200 bamaze gupfa gushika ubu muri uyu mwaka bariko bagerageza gushika ku mugabane w’Ubulaya baciye mw’ibahari Mediterane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG