Uko wahagera

Esipanye: Abanyafurika Barenga 25 Baguye mw'Insanganya y'Ubwato


Abajejwe gutabara mu bikorwa vyo kurondera abaguye mw'isanganya y'ubwato bagerageza kuja muri Espagne
Abajejwe gutabara mu bikorwa vyo kurondera abaguye mw'isanganya y'ubwato bagerageza kuja muri Espagne

Itororokanirizo ry’amakuru ry'Abanyamerika, AP, rimenyesha ko AbanyafriKa bashika kuri 29 harimwo n’abana indwi bibiye mw’isanganya ry’ubwato butemewe n’amategeko mw’izinga rya Canary muri Esipanye.

Ayo makuru yatangajwe n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe abimukira kw’isi OIM hamwe n’amashirahamwe y’abagiraneza bo muri Esipanye baganiriye n’imiryango y’ababuze ababo.

Ku musi wa gatanu, ibiro vyo muri Esipanye bijejwe umutekano mu nzunzi z’ako karere vyarokoye ingenzi 27 hamwe n’ibiziga bine vy’abantu bibiye. Abo bantu bose baguye mw’isanganya ry’ubwato bwari mu bumanuko bw'ahitwa El Hierro.

Helena Maleno umuyobozi w’ishirahamwe Walking Borders avuga ko muri ubwo bwato harimwo n'imiburi buri abandi bantu bashika kuri 24 inyuma y'aho baharuye abahagurutse bava i Dakhla bafata urwo rugendo rwatanguye kw’itariki 15 z’ukwezi kwa munani.

Ingendo nk’izo zikoresha ubwato buto buto buva ku mugabane wa Afrika buca mu mazinga y’akarere ka Canary zibangamira cane ubuzima bw’abantu baba bariko bagerageza kwinjira umugabane wa Buraya. Muri uno mwaka honyene ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe abimukira kw’isi bimaze kumenya iyibira ry’abantu 529. Yamara rikavuga ko ico gitigiri kiri hasi cane ku bantu benshi bikeka kuba bibira muri izo nzuzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG