Uko wahagera

Perezida Biden Arondera Izindi Miriyaridi 33 z'Amadolari zo Gufasha Ukraine


Perezida wa Amerika Joe Biden avuga ku ntambara muri Ukraine muri White House, kw'itariki ya 28/04/2022
Perezida wa Amerika Joe Biden avuga ku ntambara muri Ukraine muri White House, kw'itariki ya 28/04/2022

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yasavye “Congress” kuri uyu wa kane kwemeza imiriyaridi 33 z’amadolari y’inyongera azofasha Ukraine kugira ihangane n’ingabo z’Uburusiya mu mezi atanu ari imbere.

Imbere yo gushikiriza uwo mugambi w’amafaranga, perezidanse ya Amerika, White House, yavuze ko iyi mfashanyo nshasha igabuwemwo imiriyaridi 20 z’amadolari y’ibirwanisho, imiriyaridi 8.5 z’imfashanyo mu vy’ubutunzi hamwe n’imiriyaridi 3 zo gufasha abanyagihugu basinzikajwe n’intambara.

Perezida Biden yavuze ko amafaranga yategekanijwe gufasha Ukraine asa n’ayaheze, akavuga ko yizigiye ko “Congress” ya Amerika izobandanya ifasha Ukraine n’aho abayigize badahuza muvya poritike.

Mu butumwa yashikirije perezida w’Uburusiya Vladimir Putin, Perezida Biden yavuze ko yamubwiye ko atazigera yigarurira Ukraine.

Ibi ni mu gihe Uburusiya bwagavye ibindi bitero bishasha mu buseruko bwa Ukraine, aho umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yagendeye umurwa mukuru Kiev hamwe n’imicungararo, ahasambuwe n’ibitero vy’Uburusiya. Mu nyuma Guterres yaciye abonana na perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy.

Guterres yavuze ko ashigikiye sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, ku matohoza yatanguye, agasaba Uburusiya gukorana nayo. Yavuze ko yipfuza ko vuba bwango iyi ntambara ikwiye guhagarara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG