Etiyopiya yatangaje uno musi ku wa gatanu ko inteko zigwanya ubutegetsi zo mu ntara ya Tigreya zikiri mu ntara ya Afar, naho umuvugizi w'izo nteko yatangaje ko zahavuye imisi mikeyi imbere yaho.
Umuvugizi wa Reta ya Etiyopiya, Legesse Tulu, yabwiye ikinyamakuru ca reta ko amakuru avuga ko inteko zo muri Tigreya zavuye mu ntara ya Afar, ari ikinyoma ceruye.
Yabwiye, uno musi ku wa kane, itorokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko izo nteko zikiri mu bice bitatu bihana urubibe n’intara ya Tigreya vya Koneba, Abala, Berhale na Magale, kandi ko zitarahava kuva ku musi wa mbere.
Yamara umuvuguzi w’umuhari ujejwe guhabuza abanyagihugu bo muri Tigreya, Tigray People’s Liberation Front, TPLF, mu mpfunyapfunyo, Gatechew Reda, yatangaje, ku musi wa mbere, ko inteko z’uwo muhari zavuye mu ntara ya Afar.
Inteko zo mu ntara ya Tigreya zatangaje ko zavuye muri iyo ntara kugira imodoka zitwaye imfashanyo zishobore kuhinjira. Igice gitoyi c’imfashanyo nico kimaze gushika mu ntara ya Tigreya yasinzikajwe n’inzara, aho abantu barenga ibice 90 kw’ijana bakeneye imfashanyo y’ibifungurwa, kuva inteko za Etiyopiya zihavuye mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu mu mwaka urangiye w’i 2021. (Reuters)
Facebook Forum