Uko wahagera

ONU: Abana Barenga Miliyoni 2 Bashobora Kwicwa n'Inzara mu Ihembe ry'Afurika


Umubyeyi ukikiye abana bafite ikibazo cy'inzara
Umubyeyi ukikiye abana bafite ikibazo cy'inzara

Umutegetsi mukuru ajejwe gutabara mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Martin Griffiths, yatangaje ko abana imiliyoni 2 bashobora guhitanwa n'ikigoyi mu karere ko mw'ihembe rya Afrika.

Ni mu gihe ako karere kageramiwe n’inkurikizi z’uruzuba zitari bwibonekeze mu kiringo kitari gito.

Mw’ijambo yashikirije abajejwe gutanga imfashanyo ryabereye mu mwiherero mu gisagara ca Geneve, mu Buswisse, yatangaje ko ishirahamwe ONU rifise igice gitoyi c’umuliyaridi n’imiliyoni amajana ane y’amadolari rikeneye kugira ryishure ku ngaruka z’uruzuba rukomeye rwigaragaje mu bihugu vya Kenya, Etiyopiya na Somaliya.

Ibice bimwe bimwe vy’ivyo bihugu 3 vyarasinzikajwe n’inkurikizi z’uruzuba zitari bwibonekeze mu kiringo kirenga imyaka 40.

Umutegetsi mukuru ajejwe imfashanyo w’ishirahamwe ONU, Martin Griffiths, yatangaje ko ata mwanya munini basigaranye w’ugutuma abantu isinzi badatakaza ubuzima muri uyu mwaka w’i 2022.

Yamara amenyesha ko ata buryo buhagije bafise muri iki gihe. Amashirahamwe ajejwe gutabara amenyesha ko ariko agerageza gutuma hadasubira kwaduka inzara nk’iyibonekeje haraheze imyaka 10 yahitanye abantu ibihumbi amajana n’amajana. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG