Uko wahagera

Etiyopiya: Abateshejwe Izabo mu Ntara ya Afar Barenga ibihumbi 300


Bamwe mu bateshejwe izabo muri Etiyopiya
Bamwe mu bateshejwe izabo muri Etiyopiya

Reta y'intara ya Afar muri Etiyopiya itangaza ko abantu barenga 300.000 bakuwe mu zabo n'ingwano kuva mu kwezi kw'icumi na kabiri kw'umwaka urangiye w'i 2021.

Iyo reta yagiriza inteko z’intara ya Eritreya ko zica zikongera zigasahura abasivile. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko ingwano mu ntara ya Afar ibangamiye igikorwa co gutanga imfashanyo y’ibifungurwa mu ntara bihana urubibe ya Tigreya, aho abantu ibihumbi amajana n’amajana bageramiwe n’inzara.

Umukozi akorera ishirahamwe ry’abagiraneza atashatse ko izina ryiwe rimenyekana avuga ko abantu batekewe n’ubwoba bariko bahunga mu mpande zitandukanye.

Ingwano mu buraruko bwa Etiyopiya yarahitanye abasivile ibihumbi n’ibihumbi, abandi imiliyoni n’imiliyoni barava mu zabo mu ntara 3 zo muri Etiyopiya.

Reta ya Afar yaratangaje ku musi wa mbere ko inteko z’umuhari TPLF zateye iyo ntara mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze. Itangaza ko bagandaguye abasivile ataco bazira, barasahura bongera barasenya inzego zitandukanye, batuma abasivili ataco bazira barenga 300.000 bava mu zabo, bakoresheje vya muzinga bikomeye mu kubomora. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG