Uko wahagera

Abantu 110 Bishwe n'Umuriro Ahacukurirwa Ibitoro Magendo muri Nijeriya


Abantu bakoraniye ku kibanza gicukurirwamwo ibitoro i Egbema muri reta ya Imo state, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, kw'itariki ya 24/04/2022
Abantu bakoraniye ku kibanza gicukurirwamwo ibitoro i Egbema muri reta ya Imo state, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, kw'itariki ya 24/04/2022

Abantu 110 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye mu bumanuko bwa Nijeriya, igihe ihinguriro ricukura ibitoro mu buryo butemewe n’amategeko ryasha ku musi wa gatanu. Igisata kijejwe gutabara cavuze ko abantu benshi basandavye inyuma yo gukomereka cane.

Igiporisi cavuze ko ico kibanza cahiye kiri hagati y’amareta ya Rivers na Imo acukurwamwo ibitoro.

Ibiro vya Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari kuri uyu w’Imana vyavuze ko iri sanganya ari akaga ku gihugu. Vyavuze kandi ko abafasha iryo hinguriro mu buryo bw’amafaranga babwirizwa gufatwa bakarengutswa imbere y’ubutungane.

Perezida Buhari yaciye ategeka ibigo bijejwe umutekano n’ibijejwe iperereza kwongereza inguvu mu kwugara amacukuriro y’ibitoro yose akorera mu gihugu mu buryo butemewe n’amategeko.

Isanganya ry’umuriro ku miringoti y’ibitoro muri Nijeriya ryahitanye abantu benshi ryabereye mu gisagara ca Jesse kiri mu bumanuko bw’igihugu mu kwezi kwa cumi 1998, ahapfuye abanyagihugu barenga 1.000.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG