Uko wahagera

Igisasu mu Buseruko bwa Nijeriya Cishe Batatu


Igisasu caturitse mu kabare muri reta ya Taraba mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya cahitanye batatu kuri uyu wa kabiri gikomeretsa abandi 19.

Iki gisasu caturikiye ahantu hahurumbirwa n’abanywi b’akayoga batari bake, hafi y’isoko ry’ibitungwa mu gasagara ka Iware, hanze ya Jalingo, umurwa mukuru w’iyo reta, nkuko vyavuzwe na Usman Abdullahi, umuvugizi wa reta ya Taraba.

Abateze iki gisasu ntibaramenyekana ariko amatohoza yatanguye nkuko umuvugizi w’igiporisi abivuga.

Taraba ni imwe mu mareta yo mu burengero bwa Nijeriya ahanzwe n’imigwi y’abitwaje ibirwanisho biswe abasuma batera imihana bakica abanyagihugu no gusahura ndetse no kubanyuruza kugira babarekure batanze amafaranga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG