Uko wahagera

Abarwanyi Biyitirira Isilamu Boba Bariko Baragura Uburere Bagabamwo Ibitero?


Ikarata ya Nijeriya
Ikarata ya Nijeriya

Reta ya kiyislamu imenyesha ko ari yo yakoze igitero cishe canke gikomeretsa abantu bagera kuri 30 mu kibanza kirimwo isoko aho inzoga zariko ziragurishwa muri Reta ya Taraba iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya.

Ico gitero cerekanye ko reta ya kiyislamu iriko iragura ibice ikoreramwo ibitero vyayo. Ibice vyo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, cane cane Reta za Borno na Yobe, vyarageramiwe n’ibitero vya reta ya kiyislamu mu kiringo c’imyaka itari mike. Yamara Reta ya Taraba ntiyari bwaterwe n’abarwanyi b’uyo murwi imbere yaho.

Bombe yaturikiye ku musi wa kabiri mu gisagara citwa Iware. Abategetsi baho bari batangaje mu ntango ko abantu 3 bishwe, abandi 19 barakomereka. Yamara ntibashoboye kuboneka uno musi ku wa kane kugira bagire ico bavuze ku vyatangajwe na reta ya kiyislamau n’igitigiri c’abapfuye catangajwe.

Mu butumwa ku muhingamo wo ku musi wa gatatu, reta ya kiyislamu yavuze ko abaturikije bombe yihaye inkumbi ku musi wa kabiri ari abarwanyi bayo bakorera mu gice co hagati muri Nijeriya.

Iryo tangazo ryamenyesheje ko ico gitero cakozwe ku bantu badakwirikiza amabwirizwa ya kiyislamu bo mw’idini ry’abakristu. Reta ya kiyislamu yarerekanye umunezero wayo w’ukubona ko ikibanza abantu banyweramwo inzoga casambuwe. Yamara ntiyatangaje igitigiri c’abapfuye canke abakomeretse muri ico gitero. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG