Uko wahagera

Igitero Kuri Gari Ya Moshi Yarimo Abantu Barenga 1,000 Muri Nijeriya


Abantu bitwaje ibigwanisho baraye bishe igitigiri kitaramenyekana c’abantu bari m’urugendo muri gari ya moshi yarimwo abantu bashika igihumbi muri Nijeriya

Abategetsi n’ababonye ico gitero babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abanyamerica ko ico gitero cabaye mw’ijoro ryakeye cari kigizwe n’amasasu kumwe n’ibigwanisho biturika.

Umuyobozi w’ishirahamwe rya reta rijejwe uruja n’uruza rwa gari ya moshi Fidet Okhiria, avuga ko abateye babanje gusambura aho gari ya moshi ica bakoresheje ibigwanisho biturika. Inyuma yaho niho batangura kuyirasa igeze hafi y’igisagara ca Abuja mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu.

Yavuze kandi ko bakeka kuba harabaye inyuruzwa ry’abantu muri ico gitero gikomeye cane.

Abategetsi ntibabashije kumenya neza igitigiri c’abantu bari bari muri yo gari ya moshi ariko ibinyamakuru bimwe bimwe vyatangaje ko hari harimwo abantu bashika ku gihumbi. Ntibiramenyekana neza kandi igitigiri c’abantu bahakomerekeye.

Okhiria avuga ko ico gitero giteye amakenga cane. Ni mugihe hamaze imisi hagigwa ibitero kuma gari ya moshi

Abdulwadud Ahmad, umwe mubari muri iyo gari yamoshi avuga ko umwe mubo bari bicaranye yahasize ubuzima.

Ati: Bateye bombe aho ica, batangura kurasana n’abajejwe umutekano wa gari ya moshi barabanesha bahava barinjira muriyo….banyuruje abantu batari bake, barica bamwe, abandi bishwe n’amasasu yarashwe mukirere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG